Ngozi : Igiporisi c’Uburundi cahagaritse abishe igisongerezi mu giporisi

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko cahagaritse uwagirizwa kwica umuporisi wo ku rwego rw’igisongerezi mu ntara ya Ngozi. Amakuru ava mu giporisi c’Uburundi amenyesha kandi ko n’abakoze ubwicanyi i Kobero mu ntara ya Muyinga, bwahitanye abantu babiri bahagaritswe.

Nk’uko amakuru ari ku rubuga rwa Twitter y’igiporisi c’Uburundi abimenyesha, umukozi w’umuporisi yishwe ari mu bahagaritswe n’igiporisi igihe yari aje gutora uwo bategura kwubakana ngo amujane mu gihugu c’Urwanda aho yari yarahungiye.

Ayo makuru nyene amenyesha ko amaze guhagarikwa yaciye avuga n’abo bakoranye ubwo bwicanyi.

Gaudencienne NZIGIYIMANA yakorera ku kirindiro c’igiporisi kiri i Mparamirundi muri komine Busiga, intara ya Ngozi, yishwe acumiswe mw’ijoro ryo kuwa gatatu buca ari kuwa kane, igenekerezo rya 27 Kigarama 2017.

Amakuru yavuye ahi mu ntara ya Ngozi yamenyesha ko umukozi wiwe yoba yacumise uwo mukoresha wiwe, inyuma yaho uwo muporisi afatiye ingingo yo kugabanya umushahara yari asanzwe amuha.

Publicités