Umushikiranganji ajejwe EAC yerekanye igituma badashika ku mahangiro

Umushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe imigabo n’imigambi mu muryango w’ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko, amenyesha ko mu bushikiranganji arongoye hari vyinshi vyaranguwe mu mwaka wa 2017. Isabelle NDAHAYO, avuga ariko ko uburyo bwategekanijwe ari buke bigatuma mu bushikiranganji badashika ku mahangiro amwe amwe n’umwimbu wari witezwe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 8 Nzero 2018, umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yavuzeko ibitari bike vyaranguwe mu bushikiranganji nko gutunganya inganda inganda 6 zo kumenyakanisha no guhanahana amakuru ku bijanye n’imigabo n’imigambi y’umuryango w’ibihugu bigize afrika y’ubuseruko,hamwe n’ingendo zo kwungurana ubwenge muvyo ubuhinga n’ubumenyi.

Umushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe imigabo n’imigambi mu muryango w’ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko amenyesha ko,hatunganijwe kandi amahuriro yabaye akaryo keza k’Uburundi ko kwerekana ishusho yabwo n’ukwereka amakungu uko imirimo yabwo itunganywa.

Naho hakozwe vyinshi kandi vyiza, umushikiranganji Isabelle NDAHAYO avuga ko n’intambayi zitabuze mw’ishirwa mu ngiro ry’imigabo n’imigambi yo kwinjira mw’ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Kubwa Isabelle NDAHAYO, hejuru y’ikibazo c’uburyo mu mafaranga bafise ingorane ifatiye ku gutunganya kumwe ibijanye no kuja hamwe kw’Uburundi n’ibindi bihugu bigize afrika y’ubuseruko, ingorane zijanye no guhindura ingendo n’ivyiyumviro kugira abantu bashobore kujana n’ibihe mu vyerekeye ukuja hamwe kw’ibihugu.

sabelle NDAHAYO, Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe iyinjira mu karere ka Afrika y’Ubuseruko

Umushikiranganji Isabelle NDAHAYO amenyesha ko mu ngorane ubushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe imigabo n’imigambi mu muryango w’ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko buhura nazo, zose zitava ku bushikiranganji, ariko hari iziva ahandi ariko zikaba intambamyi ku bijanye no gushika kw’ihangiro uko vyategerezwa.

Mu bigiye kurangurwa mu mwaka wa 2018, umushikiranganji NDAHAYO Isabelle, avuga ko ubushikiranganji arongoye bugiye kubandanya gukurikirana no gutunganya ibikorwa vyose bijanye n’imigabo n’imigambi y’umuryango w’ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko.

Amenyesha ko bagiye no kubandanya igikogwa kijanye no gusanisha inzego n’amategeko y’uwomuryango wa Afrika y’Ubuseruko,guhagarikira inyungu z’igihugu kugirango Uburundi bugire akarusho na cane cane mu migambi ijanye n’inyubako nk’amabaraba, indarayi, amasoko ntanganguvu, hamwe no kuronka akazi.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s