
Thème : GUKORA ICIZA : TWAME DUKORA IVYIZA ; NTIDUCOBOGORE ;
KUKW’IGIHE NI CASHIKA TUZOKWIMBURA NI TUTARAMBIRWA. Abigalatiya 6 : 9.
I.INTANGAMARARA.
————————
1. Mw’isi. Imbere y’umuntu wese, hariho ibi bintu 2 bitegerezwa kumushikako.
a. Ikibi
b. Iciza
Ivyo bintu bikaba bishika ku muntu
a. Abikorewe
b. Abikoze
– Abikoreye abandi
– Avyikoreye.
2. Mugihe cahera tukaba twarigeze kuvugana kw’ijambo Ikibi aho twabonye ko ikibi ari ico kintu cose kitari ciza mu budasa bw’uko cari gikwiye kuba kimeze. Ico GIHE rero twahagaze cane kw’iryo jambo ikibi turarinoganza. None uno musi naho turabe n’ ICIZA naco kuko gihari kuko ari naco kirwanisho co kunesha ikibi nkuko Bibliya Ijambo ry’Imana ribivuga ngo : IKIBI COYE KUKUNESHA, YAMARA IKIBI UKINESHESHE ICIZA. Abaroma 12 :21.
I. INKOMOKO Y’ICIZA
——————————-
1. Ni ku Mana Data watwese.
a. Nkuko twabonye ko inkomoko y’ikibi ari muri Satani: Ariko iciza co kiva ku Mana Data watwese aho bigaragarira mw’Ijambo ryayo igihe yarema ibintu kw’isi. Bibiliya igenda igaruka kw’ijambo ngo: IMANA IBONA KO ARI VYIZA : Itanguriro 1:10;12;18;21;25. N’ukuvuga yakoze vyiza. Nico gituma natwe idusaba gukora neza (iciza).
II. UMUBANO URI HAGATI Y’UMUNTU N’ICIZA
————————————————————
1. Iciza nticigaragaza, kiragaragazwa (muntango)
2. Iciza nticikora, kirakorwa
3. Iciza nticivuga, kiravurwa(munyuma kimaze gukorwa niho civuga)
N.B: Ico n’igihe c’umuntu, ico asabwa gukora ku ciza ni:
1. Kukigaragaza
2. Kugikora
3. Kukivuga
N.B: Hakaba rero n’Igihe c’uko iciza naco:
1. Kigaragaza uwakigaragaje
2. Gikorera uwagikoze
3. Kivugira uwakivuze
None rero: NTURONDERE ICIZA MUGIHE CACO,MUGIHE NAWE
UTAKOZE ICIZA MUGIHE CAWE CO GUKORA ICIZA!KIRE
TSE KU MANA GUSA NIHO UFISE AMAHIRWE YO
GUSUBIRA KUBONA ICIZA UBANJE KWIGAYA NO
KWIHANA IMANA NINYEMBABAZI IFISE KONGERA
KUKWEREKA KO ICIZA KIBAHO!!!
==================================================