Abepisikopi katorika mu Burundi basaba gucungererwa umutekano

Ubunyamabanga bw’Inama Nkuru y’abepisikopi katorika mu Burundi busaba inzego z’umutekano gufasha mu gikorwa co gucungera umutekano, mu nama ihuza umurwi wamaho w’abepisikopi bo mu karere ka Afrika yo hagati ACEAC. Iyo nama yitabwe n’abepisikopi bava mu bihugu bine.

Mw’ikete ryateweko umukono na Musenyeri Joachim NTAHONDEREYE arongoye ihuriro ry’abepisikopi katorika mu Burundi CECAB, amenyesha ko iyo nama izohuza abepisikopi bavuye mu gihugu c’Urwanda, igihugu c’Uburundi, igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, hamwe n’abavuye i Roma.

Muri iryo kete, Musenyeri Joachim NTAHONDEREYE amenyesha ko ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 12 Nzero 2018, abo bepisikopi bazogendera impunzi ziri mw’ikambi y’impunzi i Bwagiriza mu ntara ya Ruyigi, mu ntumbero yo kwerekana ugushigikirana, kandi ko ishenegero katorika rishigikiye impunzi.

Musenyeri Joachim NTAHONDEREYE akamenyesha ko babimenyesheje abajejwe umutekano, kugira bafate ingingo zose zikenewe zo gucungera umutekano aho abo bepisikopi katorika bazoca.

Iyo nama iriko ibera mu nyubakwa zitiriwe umweranda Jean Paul II, kuva kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 9 , ikazorangira kw’igenekerezo rya 13 Nzero 2018.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s