Uburundi buracarindiriye inyishu ku bibazo vy’amatora muri EALA

Mu gihe Uburundi bwashikirije ko butemeye ivyavuye mu matora y’umukuru w’ inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA, umushikiranganji mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe imigambi ya Afrika y’Ubuseruko amenyesha ko biteze inyishu vuba yo gutunganirizwa.

Ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji arongoye mu mwaka wa 2017,kuwa mbere igenekerezo rya 8 Nzero 2018, Isabelle NDAHAYO yavuze ko yizeye ko Uburundi bugiye gutunganirizwa ku makenga bashikirije mu bijanye n’itorwa ry’umukuru wa EALA.

Umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu karere ka Afria k’Ubuseruko yavuze ko bizeye ko ibikorwa nyezina vy’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA, bizotangura ibibazo Uburundi bwashikirije vyamaze gutorerwa inyishu.

Umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yavuze ati :« Ndizeye ko hatazogera ko abashingamateka basasa tutaratunganirizwa. »

Ku kibazo c’imigenderanire itameze neza hagati y’Uburundi n’Urwanda, umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yavuze ko ikibazo kigeze ku rwego rwo hejuru mu karere, akaba yizeye ko umuti urama uzoboneka, maze abarundi n’abanyarwanda bagasubira kuba abavukanyi nka mbere.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s