Abanyaporitike ntibabona kumwe igikorwa co gusigura ibwirizwa nshingiro

Bamwe mu banyeporitike b’Uburundi barashima uko igikorwa co gusigurira abanyagihugu ivyahinyanyuwe mw’ibwirizwa shingiro kiriko kigenda, abandi nabo bakavuga ko batigeze bashima na gato kuva ico gikorwa gitangura gutegurwa. Abo banyeporitike bamenyesha ko bizeye kuzoronka akanya ko kuzoza guhamagarira abanyagihugu gutora ego canke oya ico gikorwa niyo cahera.

Umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye,Keffa NIBIZI amenyesha ko igihe co kuza gusigurira abanyagihugu gutora ego canke oya ku banyeporitike kitarashika, ubu ari akaryo kuri Reta kugira isigure ivyo vyahinyanyuwe mw’ibwirizwa shingiro.

Ku bijanye nuko bamwe mu basigurira abanyagihugu ivyahinyanyuwe ariko bakagenda babasavye kuzotora,« Ego »,uwo mukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye avuga ko ari ibisanzwe kuko nabo bazoronka akanya ko kuja gusigurira abanyagihugu ko botora Ego canke Oya.

Tatien SIBOMANA wo mu Runani rw’Abigenga Amizero y’abarundi avuga ko igikorwa co gusigurira abanyagihugu ivyahinyayumwe mw’ibwiriza shingiro bacakiriye nabi kuko batigeze bashima ico gikorwa kuva kigitangura.

Tatien SIBOMANA asigura ko naho boba bariko barasigurira ivyahinyanyuwe mw’ibwirizwa shingiro ata burenganzira bafise bwo kwigisha gutora EGO kuko ata tegeko ry’umukuru w’igihugu rirasohoka rihamagarira amatora.

Tatien SIBOMANA,Umunyaporitike

Tatien SIBOMANA ati :« Bigenze uko ntazoba ari amatora azoba ari guhendana kuko nta mategeko bizoba bikwirikije,azoba ari amatora y’uruhande rumwe gusa. »

Uwo ari mu runani rw’Abigenga Amizero y’abarundi amenyesha ko guhinyanyura ibwirizwa shingiro vyategerezwa guca mu nama n’ingingo y’abanyeporitike bose kuko iryo bwirizwa ryahinyanyuwe ryavuye mu vyumvikanyweko n’imigwi yose mu biganiro vy’i Arusha.

Kubwa Tatien SIBOMANA asaba umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora CENI gukoresha ububasha kugira amategeko ashobore gukwirikizwa murico gikorwa.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s