Facebook igiye guhindura vyinshi ku rubuga rwayo

Imbuga ngurukanabumenyi ya Facebook yatangaje ko igiye guhindura ibintu bikomeye bizotuma abayikoresha baza baravugana ibintu vy’akamaro gusumba mu buzima bwabo bwa misi yose.

Abantu bazoza bararonka inkuru nyinshi ku bagenzi babo hamwe n’imiryango yabo, hanyuma inkuru zijanye inkuru zerekeye amakompanyi n’ubindi bisata zizogabanuka kuri urwo rubuga.

Umukuru w’urwo rubuga rwa Facebook, Mark Zuckerberg yasiguye ko abakaba mu budandaji hamwe n’ibimenyeshamakuru bariko baraka ikibanza gikomeye umuntu.

Avuga ko ivyo Facebook ishira imbere mu nzitizi zihari ubu, n’uko abantu bazkoresha akanya gato cane kuri iyo mbuga ngurukanabumenyi, ariko uwo mwanya muto uzoba ufise akamaro kanini cane.

Bizoba ari ibintu bikomeye bihindutse kuri urwo rubuga rukoreshwa n’abantu barenga imiriyaridi zibiri kw’isi yose, bikazongereza ikori riva mu matangazo.

Ariko Facebook iracahanganye n’ikibazo c’abantu bayikunda kurenza urugero ku buryo bishobora kubagirako ingaruka ku magara yabo, na cane cane ingwara zo mu mutwe.

Publicités