Congo-Brazaville: Umu jenerari yahagaritswe n’igiporisi

Mu gihugu ca Congo Brazaville, umu jenerari wo mu gisirikare Norbert Dabira, yegereye cane umukuru w’igihugu Denis Sassou-Nguesso, yahagaritswe n’igiporisi kuruyu wa gatatu itariki 10 Nzero.Jenerari Norbert Dabira, akaba afungiwe icamaso mu biro bikuru vy’igiporisi.Uwo asanzwe ava hamwe na Perezida Sassou Nguesso, yafashwe yagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi mu mwaka uheze wa 2017 .

Mu makuru dukesha ikinyamakuru RFI, Generari Norbert Dabira amaze amajoro 2 afungiwe mu giporisi. Ku myaka 69, Norbert Dabira yahoze arongoye ibiro bikuru vy’igisirikare, n’igisata kijejwe gusubiza mu zabo abahoze ku rugamba, ubu akaba arongoye ikinyamakuru Digital Radio Télévision yafashwe yagirizwa gushaka gutembegaza ubutegetsi bwa mugenzi we Sassou Nguesso.

Itabwa mu mvuto rya Norbert Dabira rikaba rikurikiranye n’ikombogwa ry’uwundi mu jenerari Nianga Ngatsé Mbouala arongoye ingabo zicungera abategetsi, akaba yasubirijwe n’icegera ciwe.Ikombogwa n’ifungwa ry’abo ba Jenerari abenshi bakikeka ko bifitaniye isano.

Norbert Dabira yiyongereye ku bandi bategetsi bari mu mvuto nka Jenerari Jean-Marie Michel Mokoko, n’uwahoze ari umushikiranganji André Okombi Salissa, bose bigeze kuba bitoza mu matora ya 2016.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s