Ishirahamwe UNIPROBA ryatanze ibikoresho vy’ishuri ku banyeshuri

Mu ntumbero yo guhimiriza abana b’abatwa kuja kubandanya amashuri, ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA ryaratanze ibikoresho ku banyeshuri b’abatwa bo mu makomine ya Nyabiraba, Mukike na Mugongo-Manga. Emmanuel NENGO arongoye ishirahamwe UNIPROBA ahamagarira abo banyeshuri gufata neza ibikoresho bahawe.

Ivyo bikoresho vyari bigizwe n’umwambaro w’ishuri ku banyeshuri bo mu mashuri y’intango n’ayisumbuye, amakaye,ikaramu,uducamurongo, ibirato n’ibindi vya nkenerwa ku banyeshuri, vyahawe abanyeshuri 300 bo mu mashuri y’intango ni 100 bo mu mashuri yisumbuye.

Emmanuel NENGO arongoye ishirahamwe mpuzabatwa UNIPROBA avuga ko uwo mugambi wo gutanga ibikoresho ku banyeshuri bawushize mu ngiro, inyuma y’ubushakashatsi bakoze, basanga ishuri niryo ryo nyene ryofasha abatwa kuronka ivyo basaba Reta kandi bitanakiboneka.

Emmanuel NENGO,ati : « Twasanze kwigisha abatwa arivyo twoshira imbere,kuko naho boronka amatongo bahawe bataronka manini,ahubwo hakenewe ko biga kugira bigurire ayabo. »

Bitegekanijwe ko ico gikorwa kibandanya mu yandi makomine agize intara ya Bujumbura Rural nka Mukike hazoronka abanyenshuri 81, Mugongo Manga naho hakaronka abanyeshuri 170.

Mwomenya ko ivyo bikoresho vyabonetse ishirahamwa mpuzabatwa UNIPROBA ribifashijwemwo n’ihuriro Conference episcopale Italienne ry’abakatorika.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s