Gitega : Amasoko amwe adandarizwamwo ibitungwa arugaye

Impene zo muri komine Bugendana, intara ya Gitega zimaze ikiringo c’indwi zidasohoka impongore, inyuma yaho hari indwara itaramenyekana yazifashe.

Amakuru ava aho mu banyagihugu no mu bajejwe amagara y’ibitungwa i Bugendana, amenyesha ko bimwe mu bimenyetso impene zirwaye zerekana ari nk’ugukorora,ibiseru hamwe no gucibwamwo.

Nkuko ayo makuru abimenyesha, impene zitari nke ziramaze gupfa zihitanywe n’iyo ndwara, nko ku mitumba ya Mukoro,Kibungo,Mutoyi,Nyakeru hamwe n’umutumba wa Kivuvu aharangwa iyo ndwara.

Iyo ngwara yatumye amasoko akunzwe kudandarizwamwo impene na cane cane isoko yo mu Bitare n’iyi Mutoyi yugara ibikorwa vyayo.

Mu ntumbero yo kurwanya iyo ndwara ishobora gutandukira ayandi makomine ,abajejwe amagara y’ibitungwa muri komine Bugendana bafashe ingingo ko ata mpene nimwe isubira gusohoka uruhongore gushika umuti w’iyo ndwara ubonetse.

Turondeye umuyobozi ajejwe uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Gitega kugira aduhe umuco ku bijanye n’iyo ndwara,yagumye aduha isango ryo kuvugana na we ariko ntivyadukundiye.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s