Abaserukira ibihugu vya Afrika muri ONU basaba Donald Trump gusaba imbabazi

Umurwi ugizwe n’abaserukira ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika mw’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU usaba umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump gusokora no gusaba amajambo yavuze ayerekeza ku bihugu vya Afrika, Haiti na Salvador.

Mw’itangazo abo baserukira ibihugu vyabo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU basohoye kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 12 Kigarama 2018, bamenyesha ko biyamirije bivuye inyuma amajambo akumira ashingiye ku rukoba yashikirijwe n’umukuru w’igihugu Donald Trump, nkuko vyashikirijwe mu binyamakuru.

Abo baserukira ibihugu vyabo muri ONU, bamenyesha ko barajwe ishinga n’uko ibikorwa vyo gukumira bishingiye ku rukoba bibandanya kwiyongera kuri Afrika, n’abimukira bamuka ku mugabane wa Afrika.

Abaserukira ibihugu vyabo vyo ku mugabane wa Afrika muri ONU bamenyesha ko bifatanije n’igihugu ca Haiti, hamwe n’ibindi bihugu biriko bikorwako n’ikumirwa risa n’iryo.

Abo baserukira ibihugu vya Afrika mw’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU bavuga ko bashigikiye ivyashikirijwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika hamwe n’bandi bose barajwe ishinga n’ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Bemeza ko bashigikiye ubutandukane bw’abantu, bagashimira kandi abanyagihugu ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika biyamirije ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Dnald Trump.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s