RD Congo yatanguje ibitero ku nyeshamba zituruka muri Uganda

Igisirikare ca Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) cavuze ko catanguje ibitero simusiga ku nyeshamba za ADF zo mu Buganda hamwe no ku yindi migwi ikorera mu buseruko bwa Congo.

Hari amakuru avuga ko abasirikare baharugwa mu majana barungitswe mu gisagara ca Beni mu ntara ya Nord Kivu, hasanzwe hari ibiduga vy’ingwano n’ibindi bikoresho vya gisirikare.

Uwo mugwi w’abagwanyi baturuka mu Buganda — ADF — warononye vyinshi mu mezi ya vuba, harimwo n’urupfu rw’abasirikare 14 ba Onu baturuka muri Tanzaniya, bafasha gucungera umutekano.

(Nico gitero ca mbere kibi cari gikozwe ku basirikare ba Onu muri Afrika, muri ino myaka 20.)

Igisirikare ca Uganda co mu kirere, kimaze igihe kigaba ibitero ku vyikekwa ko vyoba ibirindiro vya ADF mu buseruko bwa Congo.

Publicités

Un commentaire sur “RD Congo yatanguje ibitero ku nyeshamba zituruka muri Uganda

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s