Amerika yiyamirije irahira rya Raila Odinga

Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kivuga ko gitereye kure ukwirahiza kwa kizigenza w’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi Raila Odinga.

Ico gihugu kivuga kw’ivyo uwo munyapolitike yakoze bibangamira ibwirizwa shingiro n’ukugendera ku mategeko.

Amerika isaba Leta ya Kenya kwugurura imihora y’ibigo bitatu vy’itangazamakuru yugaye, irondera kubibuza kwerekana ibirori vy’irahira rya Bwana Odinga ku munsi wa kabiri.

Nico gihugu cafashe iya mbere mu kwiyamiriza irahira ryabaye nk’inkinamico rya Raila Odinga.

Ico gihugu cemeza itogwa ku ncuro ya kabiri rya Prezida Uhuru Kenyatta, kigasaba ko hakoreshwa amategeko mu gukemura ibibazo vyoba vyadutse.

Ciyamirije iyugara ry’ibigo vy’itangazamakuru no kuburagiza ibikogwa vy’ivyo bigo.

Sentare ya Kenya yarahagaritse ingingo y’ubutegetsi bwa Kenya yo kwugara ivyo bigo, ariko gushika ubu ntibirasubira gukora.

Amerika isaba abanyepolitike ba Kenya hamwe n’abenegihugu gutangura ibiganiro vyotuma igihugu gisubira kwiyunga, bakigira hamwe ibibazo bimaze igihe kirekire bihanze igihugu.