Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA arongoye umurwi w’abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi amenyesha ko batanze intererano yabo y’amatora. Uwo mushingamateka agasigura ko bativuguruje kw’ikete bari barandikiye umukuru w’Inama Nshingamateka banegura uko ico gikorwa kiriko kirakorwa, kuko intererano batanze bayitanze ku gushaka kwabo, ata numwe akaswe ku mushahara.
Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA avuga ko abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’barundi batigeze banka intererano, ahubwo banse interera zo gukandamiza abantu, aho bakatwa ku mishahara.
Pierre Celestin NDIKUMANA amenyesha ko abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi batanze intererano uko umwe wese abishatse ku gushaka kwiwe, kuko nabo bashigikiye ko umuntu aterera uko avyumva bivanye n’uburyo n’ubushobozi afise.
Ati : « Nta kete twanditse tuvuga ko twihenze, twanditse ikete dushimangira ko tudashigikiye ko abantu bakatwa amahera ku nguvu, tubereka akarorero k’ingene intererano yategerezwa gutangwa k’ugushaka kw’umuntu. Twaratanze amahera uko umuntu abishaka mu gushaka kwiwe, kuko ntitwigeze tureka gushigikira intererano, twanse intererano zo gukandamiza abantu, aho bakatwa ku mushahara. Dushigikiye intererano umuntu ashobora gutanga uko avyumva bivanye n’uburyo n’ubushobozi afise. »
Kubwo umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA, ni muri iyo ntumbero yo kwerekana ko bashigikiye igikorwa co guterera amatora ariko batanize amategeko, begeranije uduhera duke duke bivanye n’uko umwe wese avyumva, baratanga ariko barungikana n’ikete, ryibutsa ko badashobora kwemera ko amafaranga y’intererano atorwa ku mishahara yabo.
![]()
Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA, yatowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi
Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA yemeza ariko ko, abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bagihagaze kw’ikete bandikiye umukuru w’Inama Shingamateka Pascal NYABENDA bamwereka amakenga arangwa mu gikorwa co gutoza intererano y’amatora, kandi ko intererano idasabwa ku nguvu.
« Turacari kw’ikete twanditse, turarishigikiye, turaryemanga , turarigendera, kuko nta ntererano y’amatora yakwa ku nguvu. Kuba twaramubwiye ko tumurungikiye intererano k’ugushaka ikurikije amategeko uko yategerezwa kugenda ,ntibisigura ko twafuse ivyo twanditse ubwa mbere. »
kur’uyu wa kane igenekerezo rya 1 Ruhuhuma 2018, umukuru w’Inama Nshingamateka ahejeje gutanga intererano y’amatora yavuze ko abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi batanze intererano yabo kandi bari baranditse berekana amakenga k’ukungene igikorwa co gutoza intererano kiriko kirakorwa.
Umukuru w’Inama Nshingamateka Pascal NYABENDA yavuze ko abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bashobora kuba basanze barihenze mw’ikete banditse, ari naco coba catumye batanga intererano yabo.
![]()
Pascal NYABENDA, Umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi, atanga intererano y’amatora
Pascal NYABENDA yavuze ko mu rwego arongoye bariko baregeranya intererano y’amatora nk’uko vyakozwe mu bindi bisata, kandi ko mu minsi ya vuba bazoyishikiriza ku mugaragaro.
Umukuru w’inama Nshingamateka y’Uburundi Pasacal NYABENDA yatanze intererano y’amatora ku ruhande rw’umuryango wiwe y’amafaranga imiriyoni zine n’ibihumbi amajana umunani y’amarundi.