đIMANA IRANKA UBWICANYIđ
1/IMANA NTIYASHIGIKIYE UBWICANYI BWA KAYINI,
ITANGURIRO 4:8_11.
Nuko KAYINI abarira ABELI murumunawe ati:(ingo dusohoke Tuje mu gahinga.)maze bari mu gahinga,kayini asimbira kuri ABELI murumunawe,aramwica.UHORAHO abaza KAYINI ati:ABELI murumunawe ari hehe?aramwishura ati ndabizi nari umwungere wa murumunanje?nawe aramubaza ati:mbega ivyo wakoze ni ibiki?Ijwi ry’amaraso ya murumunawe ririko rirantakambirira kW isi.kuva Ubu ubaye ikivume mw isi,ugerewe kuyerera kure y’aha hantu hasamitse akanwa kaho ngo hakire amaraso ya murumunawe ukuboko kwawe kwavishije.
2/IMANA NTIYASHIGIKIYE UBWICANYI BW’UMWAMI DAWIDI,
1NGOMA 28:2_3.maze Umwami DAWIDI arahaguruka,aravuga ati:nimuntege amatwi,bagenzi banje kandi bantu banje,nari ndabisanganywe mu mutima kuzokwubakira isandugu y’isezerano ry’UHORAHO ingoro y’uburuhukiro ngo izobere IMANA yacu indava y’aho ishira ibirenge ,kandi nari niteguye kwubaka.ariko IMANA irambarira iti:si wewe uzokwubakira izina ryanje ingoro,kuku uri umunyantambara,wagiye uvisha amaraso.
3/IMANA NTISHIGIKIRA UBWICANYI UBWO ARI BWO BWOSE,
EZEKIELI 33:2_3_nuko rero,ubabarire uti:uku ni ko Umwami UHORAHO avuze ko mwishimiye inkota zanyu,mugakora ibizira,umuntu wese akonona umugore w’umubanyi wiwe,none mugira ngo mwohabwa igihugu kw’itongo?
4/IMIGANI 29:22_umuntu ashungumirwa avyura imitongano,kand’umuntu w’inkazi Agira ibicumuro vyinshi.
đUHORAHO DUSHOBOZE GUTSINDA IBIGERA GEZOđ