Kenya: umunyapolitike Miguna Miguna yomorewe muri Canada kubera yahenukiye igihugu ciwe.

Umunyapolitike w’umunyamategeko atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kenya , Miguna Miguna yasubijwe muri Canada n’ubutegetsi ku nguvu inyuma yaho yagirijwe guhemukira igihugu yarahije kizigenza w’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi Raila Odinga.

Bwana Miguna afise ubwenegihugu bwo muri Canada iyo yaje ava amazeyo igihe kirekire, yurijwe indege ku wa kabiri mw’ijoro igiye muri Canada ibanje guca Amsterdam.

Yagirizwa kuba yagiye mu birori vy’irahira rya kizigenza w’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, Raila Odinga, yirahije ka Prezida w’abanyagihugu.

Ka munyamategeko, Miguna yoba yashize umukono ku rwandiko yarahiriyeko.

Umucamanza wa sentare yari yategetse ko Bwana Miguna arekugwa yigomboje amahera, ariko ntivyubahirizwa.

Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ivuga ko igiye kwitwarira leta mu kuba itubahirije ingingo ya sentare.

Publicités