Tayiwani: Nyamugigima yo muri Taiwan yahitanye bane abandi barakomereka

Nyamugigima yibasiye igihugu ca Taiwan yahitanye abantu bane abarenga 200 barakomereka.

Iyo nyamugigima ya « magnitude » 6.4 yateye 23:50 (15:50 GMT) ku birometero 20 ku nkengera yo mu buseruko bw’iryo zinga.

Inyubakwa nyinshi zo mu gisagara ca Hualien zononekaye.

Hari abantu barenga 140 b’inyubakwa imwe, bataramenyekana iyo bari.

Hualien, igisagara c’abakerarugendo, kibamwo abantu 100000.

Abanyagihugu baba murico gisagara ca Hualien babwiwe ngo baje kure y’inyubakwa zononekaye, abashika 800 bakaba bahawe indaro mu nyubakwa zubakiwe abanyagihugu.

Ku mashusho y’ico gisagara, ubona inyubakwa zihengamye, ibimanyu vy’ibihomoke vyakwiye hose, n’amabarabara yononekaye.

Inyubakwa Yunman Cuidi irimwo inzu zo kubamwo n’amaduka, ihengamiye uruhande rumwe inyuma yaho yononywe na nyamugigima.

Abantu bashika 143 bayibamwo ntibaraboneka, nkuko ikinyamakuru co muri ako karere kivuga.

Ivyumba vyo hasi vy’ihoteli Marshal vyabomotse, abantu babiri ngo bakaba bayihezemwo

Ku munsi wa gatatu mu gitondo imigwi y’abatabazi yariko irarondera kurokora abantu batanu baguweko n’ibihomoka hamwe n’abandi babiri baheze mw’ihoteli Marshal Hotel.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s