Twame tugerageza gusubiza hamwe n’abandi.

🌈DUSUBIZE HAMWE🌈

1/kwemera guca bugufi imbere y’uwo mufise ico mupfa,ni yo nzira yo gushika ku gusubiza hamwe.

2/YAKOBO yunamuye amaso,agize atya abona ESAWU aje,ari kumwe n’abantu amajana ane.Maze ubwiwe abaja imbere,akubita inketo hasi icuro indwi,kugeza yegereye mukuruwe.

ITANGURIRO 33:1_4;8_11.

3/Ariko Ubu,kuko muri muri KRISTO YESU,mwebwe abari kure kera mwigijwe hafi n’amaraso ya KRISTO.niwe mahoro yacu,kuko yahinduye yamacakubiri kuba kimwe,ahomvoye ca gisika co hagati cadutandukanya,ubwansi amaze kubuhinduza ubusa umubiri wiwe,ni bwo vya vyagezwe birimwo amabwirizwa yayo ava muvyahishuwe,kugira ngo muri we,ya macakubiri ayaremamwo umuntu umwe mushasha,ngo azane Amahoro atyo,kandi ngo ayo macakubiri,amaze kuyagira umubiri umwe,ayuzurishe N’IMANA umusaraba,awicishije bwa bwansi.yaraje,ababwira ubutumwa bwiza bw’amahoro,mwe bwe abari kure,kandi abari hafi na bo ababwira Amahoro.

ABANYEFESO 2:13_17.

🙏AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU 🙏

Publicités