Israel:Hatunganijwe imyiyerekano yiyamiriza umugambi w’abimukira

Abantu baharurwa mu majana bazindutse mu myiyerekano imbere y’ubuserikizi bw’igihugu c’Urwanda mu gihugu ca Israel kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2018 biyamiriza amategeko mashasha agenga abimukira mu gihugu ca Israel.

Amakuru dukesha iradiyo BBC, amenyesha ko abari mu myiyerekano bari bitwaje ivyandiko bivuga ko babangamiwe no kwirukanwa muri ico gihugu kubera urukoba rwabo.

Abo bari mu myiyerekano bamenyesha ko, abimukira bava ku umugabane wa Afrika batakirwa neza bishimishije ugereranije n’abava ku mugabane wa Buraya.

Abiyerekana basavye umukuru w’igihugu c’Urwanda akaba n’umukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika (Union Africaine) kudashigikira umugambi w’igihugu ca Israel ujanye no kwirukana abimukira bashika ibihumbi 38, benshi muribo bakaba bavamu bihugu vya Erythree na Sudani y’epfo.

Mu ntango z’umwaka,Reta y’igihugu ca Israel yatanze amakete ku bihumbi vy’abimukira bakomoka ku mugane wa Afrika babategeka kuva muri ico gihugu canke gupfungwa.

Bitegekanijwe ko umwimukira yahawe ikete azoba atarava muri ico gihugu gushika mu ntango z’ukwezi kwa Ndamukiza, azoca apfungwa.

Publicités