Rumonge : Abaporisi babiri bitavye Imana mw’isanganya ry’imodoka

Abaporosi babiri bitavye Imana abandi barakomereka mwijoro ryo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 7 Ruhuhuma 2018, kw’ibarabara ry’i Musave mu ntara ya Rumonge.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko iryo sanganya ryabaye nk’igihe c’isaha zibiri n’igice z’ijoro.

Ayo makuru dukesha urubuga rwa Twitter rw’igiporisi c’Uburundi,amenyesha ko abo baporisi bitavye Imana igihe imodoka barimwo yagira isanganya, abo baporisi babiri baca bitaba Imana uwo mwanya nyene.

Publicités