Umugambwe APDR usaba ko abanyeshure bahabwa umunsi wo kurondera karangamuntu

Umugambwe APDR usaba ubushikiranganji bw’indero gutanga umunsi ku banyeshure bakwije imyaka yo kuja mu matora, kugira bashobore kuja kurondera ikarata karangamuntu.

Gabriel BANZAWITONDE arongoye umugambwe APDR asaba abajejwe intwaro kwubahiriza igiciro kizwi ca karangamuntu c’amafaranga 500 kugira vyorohereze abayisaba.

Uwo arongoye umugambwe APDR, amenyesha ko hari abajejwe intwaro baduza igiciro ca karangamuntu, abandi nabo bagatoza amafaranga ngo nayo umwavu canke intererano, bigatuma aba canke bariya baheba kuja kurondera ikarata karangamuntu.

Gabriel BANZAWITONDE ahamagarira abanywanyi b’umugambwe APDR hamwe n’abandi barundi bose kuja kwiyandikisha, kugira bazoja mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro rishasha.

Gabriel BANZAWITONDE, Umukuru w’umugambwe APDR

Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ategekanijwe mu kwezi kwa gatanu nk’uko bishikirizwa n’umurwi CENI utegura amatora ku rwego rw’igihugu.

Publicités