Leta y’u Burundi ivuga ko yahaye Kongo « inkozi z’ikibi »

Leta y’u Burundi yaraye ihaye Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo abarwanyi b’aba Mai Mai 18 bari bafiswe n’inzego zijejwe umutekano.

Aba biyongeye ku bandi bashika 38 u Burundi kandi bwahaye Kongo mu mpera z’umwaka uheze.

Umuvugizi w’igipolisi c’u Burundi, Pierre Nkurikiye, yabwiye BBC ati: « Aba n’ababonye umukomezwa ubaye mwinshi bahungira mu Rumonge n’i Makamba ».

Pierre Nkurikiye kandi yavuze ko babahaye Kongo hari n’abaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi.

Ati: « Twarabantanze kuko atari impunzi, ni inkozi z’ikibi zironderwa muri Kongo »

Amategeko mpuzamakungu

Abajijwe nimba batararenze ku mategeko mpuzamakungu, mu gihe abwiriza igihugu gukingira abagihungiyemwo, bwana Nkurikiye yavuze ko ivyo bitaraba inkozi z’ikibi.

Yanavuze ko ari igikorwa gisanzwe co guhanahana inkozi z’ikibi, mu gihe Kongo nayo ngo ihora ihereza u Burundi abaronderwa.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s