Kirundo: Babiri bandika abazokwitaba amatora bahagaritswe bagirizwa kwandika ibitarivyo

Umwe ajejwe kugenzura abandika, hamwe n’uwundi yandika, abazokwitaba amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro bafashwe bariko bandika ibitarivyo, ku mutumba Rutegama,zone Mugendo, komine Ntega, intara ya Kirundo.

Abo bafashwe ni Tharcisse NIYONKURU hamwe na William NIMBONA bariko bakorera mu kibanza bandikiramwo abazokwitaba amatora ca Rutegama, muri komine Ntega, intara ya Kirundo.

Ivyo bibaye mu gihe, kur’uyu wa kane igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018, uwundi muntu umwe yahagaritswe n’igiporisi mu ntara ya Ngozi, yagirizwa kwandika amazina atariyo y’abaje kwiyandikisha.

Igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora catanguye kur’uyu wa kane igenekerezo rya 8 Ruhuhuma, kizorangira kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s