Theodesie Ahishakiye « alias Aimee Ncuti » yoba yaranyurujwe, incuti n’abagenzi bariko baramurondeza

Theodesie Ahishakiye « alias Aimee Ncuti », aracari muto kandi afise abana 2 bato. Yize muri Tanzanie ahereza kaminuza muri Gabon aho yaronkeye urupapuro rw’umutsindo (Maitrise ) mukumenyekanisha urudandazwa (marketing) Ni umunywanyi wa Cndd-Fdd kandi akunda u Burundi nabarundi bose.

Ntaragaruka kumurongo kuva kuwakane kuri WhatsApp yiwe ariko ba naho hari bariko bavuga ko bamutwaye kuwa gatanu kandi bakongerako ngo yatwawe n’iperereza CNR.

Muvyo bandika kumihora ngurukana bumenyi bavuga ko Salon yiwe yari mu Kigobe ariko sivyo iri muri Ville iruhande ya Air Burundi. Mu kigobe hari Maison de Massage na Ecole de Beaute Praiz vyiwe.

Ni umugwizatunga yakora ibikogwa vyinshi I bujumbura, mu cubitoke na kayanza vyo guteza imbere umuryango wiwe n’abanyagihugu. Benshi baramuzi n’imodoka yiwe yakunda gutwara Allion 6273A.

Ashobora kuba yanyururujwe ninkozi zikibi izarizo zose ubona yuko abarundi benshi bataye ubuntu maze bakabeshera urwego rwiperereza CNR kugira ngo bazimye inzehe canke yanyurujwe n’abakozi ba CNR ubonako nabo nyene ububisha batabubuze. Umuryango wiwe usabwe kuronderera hose kugira ngo ubuzima bwiwe bukingigwe.

Publicités