’’Igisata c’ubutare cinjinje amafaranga asumba ayari yitezwe’’ Umushikiranganji Come Manirakiza

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu,ubutare n’agataka bumenyesha ko amafaranga yinjiye avuye mu gisata c’ubutare mu mwaka wa 2017 angana n’imiriyaridi 4.178.949.103 z’amafaranga y’amarundi mu gihe bategekanya kuronka imiriyaridi 3.

Mu kiganiro umushikiranganji w’amasoko ntanguvu,ubutare n’agataka Come MANIRAKIZA yaremesheje kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2017 igihe yashikiriza ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mwaka wa 2017, yavuze ko ihangiro bari bihaye bayishitseko gushika ku bice 140 kw’ijana.

Umushikiranganji Come MANIRAKIZA yamenyesheje ko ubutare bwimbwe mu mwaka wa 2017 bwo mu bwoko bwa kasiterite,Wolframite,Coltan hamwe n’ubutare bita ko bucanze “Minerais mixte” bungana n’ibiro 726.245,25 ; hakaba hadandajwemwo ibiro 655.402,60.

Uwo mushikiranganji yamenyesheje ko ubutare bwo mu bwoko bw’inzahabu zimbwe zongera ziradandazwa zingana ibiro 1953,02813, mu gihe ubutare bwo mu bwoko bwa Terres rares bwimbwe bwongera buradandazwa mur’uwo mwaka bungana amatoni 50.

Come MANIRAKIZA,Umushikiranganji w’ubutare n’agataka

Umushikiranganji Come MANIRAKIZA yamenyesheje ko mu ntumbero yo kurwanya urudandazwa rwa magendu mu gisata c’ubutare, abantu 156 bimba ubutare batabifiye uburenganzira bafashwe hamwe n’ibikoresho vyakoreshwa.

Ubutare bucanze “Minerais mixte” bungana ibiro 1.077,4 nibwo bwafashwe mu mwaka wa 2017.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s