đUHORAHO AGARUKIRA ABANTU BIWEđÂźïž
YOWELI 2:18_19_21_26.
18/Maz’UHORAHO agirira ishaka igihugu ciwe,agirira ikigongwe abantu biwe.
19/UHORAHO yishura abantu biwe,at’Ehe ngira mbarungikire amasaka na vino n’amavuta ya Elayo,maze muzota akabi:kandi sinzosubira kubahindura agatukisha mu mahanga.
21/Ewe gihugu,nta co utinya,nezerwa,uhimbarwe,kuk’UHORAHO yakoze ibihambaye,
26/Kandi muzorya,mute akabi,muhimbaze izina ryanje,jewe UHORAHO IMANA YANYU,nabakoreye ibitangaza:Kand’abantu banje ntibazokwongera kumaramara,đAMEN HIMBAZWA MWAMI YESUđ