Abasirikare bari mu gikorwa co kugarukana amahoro biyandikishije bazokwitabe amatora

Abasirikare b’abarundi bagiye mu gikorwa co kugarukana amahoro mu bihugu vya Somaliya na Centrafrika, bariko bariyandikisha ngo bazokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro n’ayo mu mwaka wa 2020.

Abicishije ku rubuga rwa Twitter, umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi Colonel Gaspard BARATUZA, amenyesha ko ico gikorwa co kwiyandikisha ku basirikare b’abarundi bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro kiriko kigenda neza.

Abo basirikare ni abari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya mu rwego rwa AMISOM, hamwe n’abasirikare bari mu gihugu ca Centrafrika, ku rwego rwa MINUSCA.

Igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora catanguye kw’igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018, kizorangira kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s