Etiyopiya : Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Hailemariam Desalegn yamenyesheje ko atanze imihoho mu mabanga , inyuma y’ibibazo vya poritike bimaze igihe vyibonekeza mu gihugu.

Hailemariam Desalegn yasavye gutanga imihoho kur’uyu wa kane igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2018, inyuma y’ingingo ya Reta yo kurekura abapfungiwe ivya poritike, barimwo n’abantu bazwi cane ko batavuga rumwe n’ubutegetsi.

Muri iyi ndwi, abanyagihugu bo mu bwoko bwa Oromo bagize imyiyerekano biyamiriza irekurwa ry’abari bapfunzwe bahawe ikigongwe ririko rikorwa buke buke, kandi bari bijejwe ko bitazorenga ukwezi kwa mbere 2018.

Iyo myiyerekano yahagaze, igihe abo bari bapfunzwe barekurwa, ariko benshi berekanye ko bisa nuko hari inguvu zashizwe kuri Reta.

Hailemariam Desalegn Boshe w’imyaka 52 yabaye umushikiranganji wa mbere mu mwaka wa 2012, asubiriye Meles Zenawi. Ku ntwaro yiwe, igihugu carateye imbere mu bijanye n’ubutunzi n’inyubako.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s