Afrika y’Epfo : Umukuru w’igihugu Jacob Zuma yatanze imihoho

Umukuru w’igihugu ca Afirika y’epfo Jacob ZUMA yatanze imihoho inyuma yaho umugambwe avamwo ANC umusavye gukinjura k’ubutegetsi.

Nk’uko tubikesha BBC,mw’ijambo yashikirije abicishije ku mboneshakure y’igihugu,Jacob ZUMA yamenyesheje ko atanze imihoho ariko atemera ingingo z’umugambwe wiwe ANC.

Inyuma yo gushimira abantu bose bakoranye mu kazi,Jacob ZUMA yamenyesheje ko ukutumvikana kuri mu mugambwe ANC arivyo vyatumye atanga imihoho.

Jacob ZUMA yavuze ati :“Nta buzima bugiye kwononekara kubera jewe,umugambwe ANC ntugiye kwicamwo ibice kubera jewe, nafashe ingingo jewe nyene yo gutanga imihoho nk’umukuru w’igihugu.”

Jacob ZUMA yavuze kandi ati :“Naho ntemera ingingo yafashwe na ANC nabaye umunywanyi mwiza kandi w’indero mu mugambwe.”

Yavuze ko naho avuye k’ubutegetsi azobandanya akorera igihugu ciwe hamwe n’umugambwe ANC yakoreye ubuzima bwiwe bwose.

Jacob ZUMA afise imyaka 75 akaba yabaye umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2009,

hari haheze iminsi asabwa n’umugambwe wiwe gutanga imihoho mu kibanza c’umukuru w’igihugu kubera ivyagiriji bijanye n’igiturire.

Bivugwa ko Cyril Ramaphosa aheruka kugenwa kuba umukuru w’umugambwe ANC ariwe ashobora kumusubirira.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s