Rumonge:Abagabo babiri bafatanywe inkoho baciriwe gupfungwa imyaka ibiri

Abagabo bane baraciriwe gupfungwa imyaka iri hagati y’umwe n’ibiri na sentare nkuru y’intara ya Rumonge mu rubanza rw’ikibiriraho , rwabaye kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2018. Babibiri muri bo bafatanywe inkoho zibiri zo mu bwoko bwa kalashinkov, mu gihe abandi babiri ari ababafasha kurondera abozibagurira.

Amakuru ava mu ntara ya Rumonge, amenyesha ko abagabo babiri bambere bafatanywe inkoho ari abarundi, boba barwana ku ruhande rw’umurwi Mayi Mayi mu buseruko bwa Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, bafatiwe mu Karonda, muri zone Kigwena, intara ya Rumonge.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abo bagabo bafashwe igihe bariko bagerageza kugurisha izo nkoho, haca hafatwa n’abariko babafasha kurondera abazibagurira.

Sentare Nkur y’intara ya Rumonge yaciriye gupfungwa imyaka ibiri abafatanywe inkoho, abariko babafasha kurondera abazibagurira nabo sentare yabaciriye gupfungwa umwaka umwe, bagirizwa kugira uruhara mw’igurishwa ry’inkoho.

Uko ari bane, umwe wese yaciriwe kandi kuriha umuriyoni w’amafaranga y’amarundi.

Publicités