Afrika Yepfo: Umukuru w’igihugu mushasha Cyrille Ramaphosa yiyemeje guteza imbere ubuzima bw’abanyagihugu

Uwatorewe kuba umukuru w’igihugu mushasha wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, yabwiye inama nshingamateka ko azokorana n’imigambwe yose mu guteza imbere ubuzima bw’abanyagihugu.

Aho yafata ijambo mu nama nshingamateka haciye umwanya mutoyi atowe, bwana Ramaphosa yavuze yuko kurwanya igiturire biri mu bintu nyamukuru azibandaho.

Yahejeje ijambo ryiwe rigufi yiyemeza gukora yivuye inyuma kugira ntaze atenguhe Abanyafrika y’epfo.

Bwana Ramaphosa, umugwizatunga yavyungukiyemwo cane, arongoye umugambwe uri ku butegetsi ANC kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Ka mukuru w’igihugu, ashikiriye ubutegetsi igihugu kiri mu bibazo vy’ubutunzi hamwe n’ukutumvikana mu mugambwe.

Publicités