RDC-Rwanda: Abasirikare ba Kongo n’u Rwanda baraye bakozanijeko

Vyabereye munsi y’umusozi wa Nikeno uri ku rubibe hagati ya Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo n’igihugu c’u Rwanda, haba ukurasana umwanya muto.

Ukwo kurasana ariko kwaje guhagarara abajejwe igisirikare ca Kongo babwiye abasirikare babo guhagarika kurekura umucanwa.

BBC yashoboye kuvugana n’umuvugizi w’igisirikare ca Kongo, Majoro Guilaume Ndjike, asigura ingene iryo tana mu mitwe ryagenze.

Majoro Ndjike yagize ati: « Abasirikare bacu bariko barakizura mu karere kari munsi y’umusozi wa Nikeno, bagwa mu masasu y’umwansi bataciye bamenya.

« Haciye haba ukurasana, mu nyuma abajejwe igisirikare c’u Rwanda babwira abagaba bacu i Kinsha ko ari abasirikare b’u Rwanda. »

Uwo muvugizi yabandanije avuga ko hari ibirindiro bitatu vy’igisikare c’u Rwanda biri mu karere kari ku butaka bwa Kongo.

Ikibazo c’urubibe

Ikibazo c’urubibe rudaciye neza ku buryo bugaragara ngo nico cateje ukwo gukozanyako, ibiro ntara makuru AFP bikavuga ko hari abahasize ubuzima ku mpande zombi.

Major Guillaume Ndjike yagize ati: « Si ubwa mbere haba ikibazo nk’iki kubera urubibe ruciye nabi. Turasaba abajejwe guca urubibe ko bobinyarutsa kuko ukibazo ari ico. »

Hari haciye igihe kitari gito ata gukozanyako kuvuzwe hagati y’igisirikare ca Kongo n’ic’u Rwanda.

BBC yagerageje kumenya ico u Rwanda ruvuga ku bivugwa n’igisirikare ca Kongo ariko ntivyadukundiye.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s