Amashirahamwe y’abarundi ari mugihugu n’ayari hanze yitegurira kwibuka abahutu bahitanywe n’intwaro ya Michel Micombero

umukuru w’inamanshingamateka Yosefu Bamina yishwe 1965Icegera c’umukuru w’inama nshingamateka Paul Mirerekano yishwe 1965Umushikiranganji wa mbere Petero Ngendandumwe yishwe mu 1965Ambassaderi muri ONU Gerevasi Nyangoma yishwe mu 1965Baranaba Kanyaruguru, yishwe mu 1969(iburyo bwa micombero Micheli na Donatien Bihute)Kapiteni Mathiasi Bazayuwundi yishwe mu 1969Komanda Karoli Karorero yishwe mu 1968Kapiteni Nikodemu Katariho yishwe mu 1973Umushikiranganji wa mbere muri 1961 yishwe mu 1972Umushikiranganji wo kumenyesha Amakuru Komanda NdayahozeMartin yishwe 1973Patiri akaba n’umwanditsi w’ibitabo Micheli Kayoya yishwe mu 1972.

Hari n’abandi benshi tuzobashikiriza. Mu mwaka wa 1965, mu 1969 no mu 1992 intwaro ya Capitaine Micheli Micombero yitirirwa abatutsi, yarishe abahutu b’incabwege: Abasirikare, abashikiranganji, abapatiri, abashingamateka n’abandi benshi bo mubwoko bwabahutu irasasika. Kabaye akamizwe n’ingoma mbere Amareta yose harimwo n’intwaro ya CNDDFDD yagiye arabisikanya yarengeje uruho rwamazi kuri ubwo bwicanyi bwagahomerabunwa. Ubu, imihari yabacikacumu, impfuvyi n’abapfakazi niho itanguye kuvuga iti: « Bobo kuki? » Abantu baribaza uko vyagenze, ababishe, aho bazitswe, uko impfuvyi n’abapfakazi zamerewe n’ibisigi vyabo. Intuntu n’akabonge vyarishe ababo kuko batahabwa akaryo ko ku ari rira, kubahambana iteka canke kubaririra kuko biswe abamenja, maze uvuze ivyabo ukazibiranywa ngo uzuye akaboze.