Kayanza : Abigisha 13 batawe muri yompi

Abigisha cumi na batatu bo kw’ishure shingiro rya Murambi, komine Matongo, intara ya Kayanza bari mu gasho k’iyo komine, kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya mbere Ntwarante 2018. Abo bigisha bagirizwa ko bakubise umuyobozi wabo.

Uwo muyobozi yakubiswe ni NDAYIZEYE Cyriaque w’imyaka 35, akaba yakubiswe n’abo bigisha 13.

Mu giporisi bamenyesha ko batamenya icatumye abo bigisha bakubita umuyobozi wabo, abagirizwa ico caha bakaba bafashwe ku mvo z’amatohoza.