Musitanteri wa Komine Kiremba abarizwa mw’ibohero rya Ngozi

Musitanteri wa Komine Kiremba, intara ya Ngozi, Cyriaque NKEZABAHIZI abarizwa mw’ibohero rya Ngozi kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya mbere Ntwarante 2018, akaba yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu.

Uwo arongoye komine Kiremba yafashwe hamwe n’icegera ciwe, Michel MUTAMA ajejwe ivy’inkino, bakaba bahagaritswe kw’itegeko ry’umushikirizamanza w’intara ya Ngozi. Bompi bagirizwa ugushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.

Amakuru ataremezwa n’ubutungane bw’Uburundi avuga ko boba bagirizwa ko bashatse kugandagura umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Abo bajejwe intwaro mu ntara ya Ngozi bafashwe inyuma y’urukino rw’umupira w’amaguru rwari rwahuje umurwi wa Alléluia FC umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA asanzwe akinira, hamwe n’umurwi w’i Kiremba mu ntara ya Ngozi.

Abo bajejwe intwaro bafashwe boba bashize muri uwo murwi wa Kiremba abakinyi babiri bakomoka mu gihugu ca Congo, abo bakinyi bakaba batigenjeje neza muri urwo rukino, ayo makuru akavuga ko abo bakinyi babiri mu gusatira, boba bakiniye nabi umukuru w’igihugu muri urwo rukino, ibitanezereje abajejwe gucungera umutekano w’uwurongoye Uburundi, asanzwe ari umusatirizi akomeye w’umurwi Alleluia FC, akaba mbere ari nawe atsindira uwo murwi ibitsindo bitari bike.