Kayanza : Gerenade zibiri zarafashwe n’igisirikare

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko gerenade zibiri zo mu bwoko bwa defensive,zafashwe n’igisirikare kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 7 Ntwarante, ku mutumba Campazi, komine Muruta, intara ya Kayanza.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko izo gerenade zafatiwe k’uwitwa NYANDWI Emmanuel, nk’igihe c’isaha icumi n’imwe z’umugoroba.

Ayo makuru nyene amenyesha ko NYANDWI Emmanuel yaciye ahunga, izo gerenade nazo zikaba zibitswe ku kirindiro c’abasirikare.

Publicités