Muramvya : Umutama w’imyaka irenga 60 yapfuye yiyahuye

Umutama w’imyaka irenga 60, yaba ku mutumba Kanegwa, komine Kiganda, intara ya Muramvya, yariyahuye kuwa mbere igenekerezo rya 5 Ntwarante 2018. Amakuru ava aho i Kanegwa amenyesha ko NTIRAMPEBA Michel,yoba yiyahuye kubera atari abanye neza n’umugore.

Amakuru dukesha icegera ca mbere c’umukuru w’umutumba Kanegwa, BARARUFISE Moise ,amenyesha ko, batazi icatumye yiyahura, kuko NTIRAMPEBA Michel yari abanye neza n’ababanyi.

Ku rundi ruhande, amakuru ava mu banyagihugu, amenyesha ko uwo mutama yoba yiyahuye kubera umubano utari ushemeye hagati yiwe n’umugore wiwe wa kabiri, ari nawe babana.

Hari ukutumvikana hagati ya NTIRAMPEBA Michel n’umugore wiwe wa mbere, kuko umugore wa mbere amaze kumwitwarira, sentare yaciye imwegurira urugo.

Publicités