Siriya: Imfashanyo ntiyashoboye gushika ku mbabare muri Syria

Umugambi wo kurungika imiduga itwaye imfashanyo mu karere k’inyeshamba karimwo ingwano hafi ya Damas, wungururijwe ku rindi sango.

Bivugwa ko ingwano ikomeye yasubiye kwaduka, umuryango mpuzamakungu w’umusalaba utukura ukaba wavuze ko vyosa nkukwiroha kujana imfashanyo mu buseruko bw’intara ya Ghouta.

Nico kirindiro kinini c’inyeshamba kiri hafi y’umugwa mukuru, kikaba cagabwemwo ibitero n’inteko za leta ziguma zigarurira uduce.

Zipfuza kwirukana izo nyeshamba zirimwo abagwanyi bacuditse na Al Qaeda.

Amajana y’abasivile baramaze kwicwa kuva igihe ivyo bitero bitanguriye mu kwezi guheze, hakaba hari amakuru avuga ko hari abantu benshi bapfuye muri rino joro.

Publicités