Muramvya : Abanywanyi b’ishirahamwe PARCEM baciriwe gupfungwa imyaka 10

Sentare Nkuru y’intara ya Muramvya yaciriye abanywanyi batatu b’ishirahamwe PARCEM gupfungwa imyaka 10 umwe umwe, kuwa kane igenekerezo rya 8 Ntwarante 2018.

Abo banywanyi batatu ni Emmanuel NSHIMIRIMANA, arongoye PARCEM mu ntara ya Muramvya, Aimé Constat GATORE, arongoye PARCEM muri komine Mbuye, hamwe na Marius NIZIGAMA, arongoye PARCEM muri komine Buhangura.

Abo banywanyi b’ishirahamwe PARCEM bari bahagaritswe mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka wa 2018, bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu.

Umushingwamaza wabo, amenyesha ko atashimishijwe n’urubanza abo aburanira baciriwe, akamenyesha ko bazokwunguruza urubanza.

Publicités