Afrika irakeneye guserukirwa mu nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi

Umukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, yagaragaje aho ahagaze ku kibazo c’uko Afrika idaserukiwe mu nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 9 Ntwarante 2018, mu gihugu ca Ethipia ku cicaro gikuru c’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, ari kumwe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu Sergey Lavrov, yamenyesheje ko Afrika ifise abantu barenga imiriyaridi 2,5 ikaba irenza kimwe ca kane c’abagize uwo muryango, yongera anamenyesha ko mu bibazo vyigirwa muri iyo nama nkuru ya ONU, 60% biraba Afrika, bikaba bitumvikanana ukuntu ivyo bibazo vyigwa neza kandi n’abo vyega batarimwo.

Muri ico kiganiro, umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya n’ayandi makungu, Sergey Lavrov nawe yashikirije ko igihugu ciwe gishikiye impinduka, ku buryo ibihugu biri mu nzira y’amajambere navyo biserukirwa.

Umushikiranganji Sergey Lavrov, yamenyesheje kandi ko ubu hariho icipfuzo c’uko Ubuhindi na Bresil vyoshirwa muri uwo muryango w’ ibihugu bifise ijambo muri iyo nama nkuru y’umutekano ya ONU, ivyo bihugu bikazoba biserukira Aziya na Amerikay’epfo, uwo mushikiranganji akanongerako avuga ko atakwagura uwo muryango mu gihe Afrika nayo idaserukiwe.

Umushikiranganji Sergey Lavrov, yamenyesheje kandi ko Uburusiya bugiye gufasha Afrika mu gutorera umuti mu bibazo bijanye n’amahoro, umutekano, indero hamwe n’iterambere mur rusangi.

Publicités