Rumonge : Imvura ivanze n’urubura yononye imirima

Imvura ivanze n’urubura yaguye ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu ku mitumba ya komine Bugarama intara ya Rumonge yononye imirima hamwe n’amabati y’amazu yatobotse.

Iyo mvura yaguye ku gucimbiri dutatu two ku mutumba za Maramvya, akaba aritwo aritwo twasinzikaye cane. Abajejwe intwaro muri komine Bugarama bavuga ko iyo mvura yononye imirima iguye ku ncuro ya kabiri, mu kiringo c’indwi zibiri.

Iyo mirima yononekaye ni iy’ibiharage, ibitoke, imyumbati, amateke hamwe n’ibijumbu. Abarimyi basaba ababishoboye ko bobagarukirako, kuko babona ko ataco bazokwimbura.

Publicités