Prezida Kabila yadugije amatagise ku bacukura amabuye y’agaciro

Prezida wa Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo Joseph Kabila, yashize umukono kw’itegeko rigenga ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro, ryongereza amahera agenegwa leta, rikaduza n’amakori ku bigo bicukura.

Amashirahamwe mpuzamakungu acukura yiyamirije iryo tegeko, avuga ko ataco azosubira kwungukira mu bikorwa yakorera muri Congo.

Benshi mu bayarongoye baciye baja ku mugwa mukuru Kinshasa ino ndwi, kugerageza kugondoza Bwana Kabila kugira ngo yigarure.

Ico gihugu ni ica mbere gifise amabuye menshi y’agaciro yo mu bwoko bwa « cuivre » na « cobalt », akoreshwa mu gisata c’umuyagankuba hamwe no mu mabeteri.

Iryo tegeko riduza kabiri amahera yagenegwa igihugu ku bacukura « cobalt ».

Publicités