Gitega : Umwigisha yahagaritswe yagirizwa urupfu rw’umuvyeyi w’umurwizatunga

Umwigisha azwi kw’izina rya Gerard BIGIRIMANA yarahagaritswe kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 12 Ntwarante 2018, mu gisagara ca Gitega. Amakuru ava mu muryango wiwe, amenyesha ko ku mutahe wo kumuhagarika hari handitseko, ko yagirizwa urupfu rw’umutama Jacques Bukobero, umuvyeyi w’murwizatunga avuka muri komine Nyarusange.

Amakuru ava mu ntara ya Gitega, amenyesha ko Gerard BIGIRIMANA yahagaritswe, igihe yari imbere y’ahakorera ubuyobozi bw’indero mu ntara ya Gitega, aca ajanwa muri parike ya Gitega, aho ayamze akanya yumvirizwa.

Ayo makuru nyene amenyesha ko uwo mwigisha Gerard BIGIRIMANA yahavuye yinjizwa ibohero rikuru rya Gitega, aho asanze abandi barenga 10 bagirizwa urupfu rw’uwo mutama Jacques BUKOBERO.

Jacques BUKOBERO, umuvyeyi w’umurwizatunga Venerand KAZOHERA yishwe atewe gerenade, mw’ijoro ryo kuwa gatatu igenekerezo rya 22 Ntwarante 2017, ku mutumba Gasenyi wa Komine Nyarusange, intara ya Gitega.

Publicités