« Ingingo yafashwe ntifitaniye isano n’ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA »

Umugambwe CNDD-FDD uvuga ko ingingo yafashwe y’uko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ari « Imboneza yamaho y’abagumyabanga bose mu mugambwe CNDD-FDD » idafitaniye isano n’ukuzosubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu NKURUNZIZA mu matora yimirije mu mwaka w’2020. Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD avuga ko iyo ari iyindi ngingo yigirwa mw’ikoraniro ry’uwo mugambwe.

Iyo ngingo yafashwe mu nama y’iminsi ibiri y’abagize Komite Nkuru y’uwo mugambwe, inama yabereye mu ntara ya Ngozi ku magenekerezo ya 9-10 Ntwarante 2018. Muri uwo mugambwe bavuga ko iyo nama yabaye mu ntumbero y’ugusuzuma aho ishirwa mu ngiro ry’imigambi y’uwo mugambwe CNDD_FDD wiyemeje, bongere bahanahane ivyiyumviro ku ngingo zibereye zotuma bashika kw’ihangiro biyemeje ryo guteza imbere Uburundi.

Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru wa CNDD FDD aravuga igituma iyo ngingo yafashwe y’ukugira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA « Imboneza yamaho y’abagumyabanga bose mu mugambwe CNDD-FDD »

« CNDD FDD ni umuryango uzira ubusimbirahamwe. Nta muryango ubura serugo canke imfura, abagumyabanga bihweje intambwe ishimishije Nyenicubahiro umukuru w’igihugu cacu Petero Nkurunziza ashikanyeko abarundi n’Uburundi, agaciro k’ibikorwa n’impanuro bikomeye atanga, baremeje ko ari indongozi itazimiza kandi ko ari we musa ari Imboneza yamaho y’abagumyabanga bose mu mugambwe CNDD-FDD. »

Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Mu mugambwe CND FDD bamenyesha ko muri iyo nama, n’izindi ngingo zafashwe.

« Ingingo zafashwe rero n’inama Nkuru ni ingingo zijanye no gutunganiriza abenegihugu ata n’umwe avuyemwo. Izo nazo ni nkizo kurwanya ba kaboko n’abasesagura itunga rusangi, kurwanya ubunebwe, kurwanya ubugaba bwibonekeza mu bakozi ba reta n’indongozi zimwe zimwe. Abagumyabanga bakaba bahamagariwe kuba akarorero mu gutuza ako karanda kazingamika iterambere ry’igihugu. Mw’iterambere rusangi, Komite nkuru y’Umugambwe CNDD-FDD yasanze ari ngombwa ko amakoperative aba ariyo aba inkingi y’iterambere rusangi. Abagumyabanga na cane cane incambwenge basabwe gufata iyambere mu migambi igirira akamaro abenegihugu, iyo bavuka canke baba ; bagakorana n’abenegihugu mu makoperative y’iterambere kuva ku rwego rw’intango ariyo nama nshingiro. Umwimbu bazokwerekana niwo uzobabera icemezo mu guhabwa amabanga mu gihugu. »

Uwo mugambwe uvuga ko utazokwihanganira abatazokwubahiriza izo ngingo zafashwe : « Uwuzotirimuka kw’ibanga azokurwa mumabanga yari ajejwe no mu mugambwe, ndetse n’abandi bakozi ba Leta batazokora bisunze akarangamutima ko gutunganiriza abenegihugu no kwubaha itunga rusangi nabo nyene bazosubirizwa. »

Uwo mugambwe usaba abarundi bose kudoma ko urutoke kuri abo bose bagira inyifato ituntuza abenegihugu, abo ni cane cane abarya ibiturire n’abasesagura itunga rusangi, abarenganya abenegihugu, abitwaza amacakubiri ayariyo yose no gukumirana, kugirango bafatirwe n’ibihano ruhasha hakiboneka ibimenyetso vya mbere.

Publicités