Akarere ka Amerika yo mu bumanuko niko kagwiriyemwo ibisagara vyinshi birangwamwo ubwicwanyi kw’isi, ibisagara 40 vyo muri ako karere bikaba biri ku rutonde rwasohowe.
Ivyo vyemezwa n’icegeranyo giheruka gushigwa ahabona n’ikigo kigenzura ubwicanyi kw’isi « Citizen Council for Public Safety and Criminal Justice » (CCSPJP), ikigo gifise amamuko mu gihugu ca Mexique cama gisohora ku mwaka ibihugu 50 vya mbere birangwamwo ubwicanyi kw’isi.
Amatohoza y’ico kigo niyo akoreshwa n’ibigo vy’itangazamakuru hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu.
Mu gukora urwo rutonde, CCSPJP iraba abantu baba bishwe ku banyagihugu ibihumbi 100000.
Bafata ibisagara birenza abantu 300000, bagafata ubwicanyi bwakozwe ku gushaka hamwe n’ubwabaye umuntu asotowe.
Kuri ivyo bisagara, 17 biri mu gihugu ca Brésil, 12 muri Mexique, 5 muri Venezuela, 3 muri Colombie hamwe na 2 muri Honduras.
Hari n’igisagara kimwe kimwe muri El Salvador, muri Guatemala na Porto Rico. Ayo makuru ava mu cegeranyo casohowe n’ikigo gitohoza ku bwicanyi bukogwa kw’isi « Citizen Council for Public Safety and Criminal Justice (CCSPJP), ikigo gifise icicaro mu gihugu ca Mexique.
Umwaka mubi cane wa Mexique
Igisagara Los Cabos, kiri mu buraruko bushira uburengero bw’intara ya Baja California Sur, kikaba kimwe mu bigendegwa n’abakerarugendo muri Mexique.
Ico gisagara cinjiye ku rutonde rurangwamwo ubwicanyi bwinshi kw’isi, gica kija mu kibanza ca mbere.

Uwufise ububasha kw’isanamu
GETTY IMAGES
Image caption
Intara ya Los Cabos irahurumbigwa n’abakerarugendo
Igikwiye gushigwa ahabona nuko ubaye n’umwaka wa mbere ikigo CCSPJP gifata ko Los Cabos irenza abanyagihugu 300000, ari navyo bisabwa kugira ngo igihugu kije kuri urwo rutonde.
Ikindi nuko ubwicanyi bwiyongeye muri ico gisagara, icegeranyo casohowe kikavuga ko bwiyongeye ku bice 500% mu mwaka umwe, kuva ku bantu 61 bishwe mu 2016 gushika ku bantu 365 bishwe mu 2017.
Ugereranije ni nkuko hishwe abantu 111.33 ku banyagihugu 100000, ibisagara 12 vya Mexique bikaba biri kuri urwo rutonde ugereranije n’ibisagara 5 vyagiye muri ico cegeranyo mu 2015.
Ikindi ciyongera nuko ibisagara 5 kuri 10 vya mbere birangwamwo ubwicanyi bwinshi kw’isi biri mu gihugu ca Mexique.

Uwufise ububasha kw’isanamu
GETTY IMAGES
Image caption
Mu 2017 Mexique yarabayemwo ubwicanyi bwinshi kurusha mu myaka 20 irangiye aho abantu 23000 bishwe
Bitumwa n’iki?
Ico kigo kivuga ko ico gihugu ata mugambi kiratunganya wo kurandurana n’imizi imigwi y’inkozizikibi, ngo kikaba caremeye kw’ingeso yo kudahana ivyaha itsimbatara mu gihugu. »
Venezuela: kudashobora guharura abapfuye
Caracas niyo ikurikira Los Cabos mu kibanza ca kabiri n’abantu 3387 bishwe, wagereranya bakangana na 111.19 ku bantu 100000.
Ico cegeranyo kivuga ko igisagara ca Caracas ari ica mbere kirimwo ubwicanyi bwinshi kw’isi.
Ku bijanye na Venezuela, ico kigo kivuga ko bigoye kuronka amakuru avuye ku butegetsi kandi yo kwizera.
kigo « Citizen Council for Public Safety and Criminal Justice » ntigishobora gutanga igitigiri c’ukuri c’abapfira muri Venezuela kukubura amakuru yo kwizera
« Ku bijanye n’ivyegeranyo, leta ya Venezuela ntirondera kumenya ukuri canke ngo irondere gutohoza neza, imenye abakozi ibi na biriya. »
Hari iyindi nsiguro iva ku kuntu igitigiri c’abanyagihugu ba Venezuela kiguma kija hasi bitewe n’abomoka.
Uravye ingene abantu bicwa ukagereranya n’igitigiri c’abanyagihugu, CCSPJP isanga ubwo bwicanyi buri muri Venezuela buzoguma bwiyongera.
« Abantu imiliyoni zine barahunze igihugu, igice kirenga cabo cagiye mu myaka itatu irangiye, kurivyo igitigiri gitangwa c’abanyagihugu sico, co kimwe n’igitangwa ku bapfuye ahubwo kiri hejuru. »
Abanye Venezuela bahungiye mu gisagara ca Boa Vista muri Brésil bavuga ko « Ahasigaye hose ari heza kurusha muri Venezuela ».
Igitangaza muri Honduras
Vyose ntivyifashe nabi nkuko vyavuzwe mbere, ubwicanyi bwaragabanutse muri Amerika ya hagati. B
Ivyo vyibonekeza i San Pedro Sula, muri Honduras, aho yavuye ku kibanza ca gatatu mu 2016 ikaja mu kibanza ca 26 mu 2017.
Ubwicanyi bwaragabanutse ku bice 54% mu mwaka umwe, buja kuri 21.16 buvuye kuri 51.18 nku bantu 100000.
Honduras yahagaritse kuba igihugu ca mbere kw’isi kirangwamwo ubwicanyi gute?

Uwufise ububasha kw’isanamu
GETTY IMAGES
Image caption
Ubwicanyi ngo bwaragabanutse muri Amerika ya hagati (bine mu bisagara biri ku rutonde nta kiri muri 10 vya mbere)
Ico kigo kivuga ko bitikoze ahubwo ko vyavuye ku kigoro ka leta ya Honduras ko gukuraho ubusho bw’inkozizikibi, kugabanya ingeso yo kudahana ivyaha no guhana n’ibindi vyaha bitari ivy’ubwicanyi, no gutunganaya neza ivy’amabohero.
Ibisagara 50 vya mbere bigwiriyemwo ubwicanyi
Posición
Ciudad
País
Homicidios
Habitantes
Tasa (por cada mil habitantes)
1
Los Cabos
México
365
328.245
111.33
2
Caracas
Venezuela
3.387
3.046.104
111.19
3
Acapulco
México
910
853.646
106.63
4
Natal
Brasil
1.378
1.343.573
102.56
5
Tijuana
México
1.897
1.882.492
100.77
6
La Paz
México
259
305.455
84.79
7
Fortaleza
Brasil
3.270
3.917.279
83.48
8
Victoria
México
301
361.078
83.32
9
Guayana
Venezuela
728
906.879
80.28
10
Belém
Brasil
1.743
2.441.761
71.38
11
Vitória da Conquista
Brasil
245
348.718
70.26
12
Culiacán
México
671
957.613
70.10
13
St. Louis
Estados Unidos
205
311.404
65.83
14
Maceió
Brasil
658
1.029
63.94
15
Cape Town
Sudáfrica
2.493
4.004.793
62.25
16
Kignston
Jamaica
705
1.180.771
59.71
17
San Salvador
El Salvador
1.057
1.789.588
59.06
18
Aracaju
Brasil
560
951.073
58.88
19
Feira de Santana
Brasil
369
627.477
58.81
20
Juárez
México
814
1.448.859
56.16
21
Baltimore
Estados Unidos
341
614.664
55.48
22
Recife
Brasil
2.180
3.965.699
54.96
23
Maturín
Venezuela
327
600.722
54.43
24
Guatemala
Guatemala
1.705
3.187.293
53.49
25
Salvador
Brasil
2.071
4.015.205
51.58
26
San Pedro de Sula
Honduras
392
765.864
51.18
27
Valencia
Venezuela
784
1.576.071
49.74
28
Cali
Colombia
1.261
2.542.876
49.59
29
Chihuahua
México
460
929.884
49.48
30
João Pessoa
Brasil
554
1.126.613
49.17
31
Obregón
México
166
339.000
48.96
32
San Juan
Puerto Rico
169
347.052
48.70
33
Barquisimeto
Venezuela
644
1.335.348
48.23
34
Manaos
Brasil
1.024
2.130.264
48.07
35
Distrito Central
Honduras
588
1.224.897
48.00
36
Tepic
México
237
503.330
47.09
37
Palmira
Colombia
144
308.669
46.65
38
Reynosa
México
294
701.525
41.95
39
Porto Alegre
Brasil
1.748
4.268083
40.96
40
Macapá
Brasil
191
474.706
40.24
41
Nueva Orleans
Estados Unidos
157
391.495
40.10
42
Detroit
Estados Unidos
267
672.795
36.69
43
Mazatlán
México
192
488.281
39.32
44
Durban
Sudáfrica
1.396
3.661.911
38.12
45
Campos de Goytacazes
Brasil
184
490.288
37.53
46
Nelson Mandela Bay
Sudáfrica
474
1.263.051
37.53
47
Campina Grande
Brasil
153
410.332
37.29
48
Teresina
Brasil
315
850.198
37.05
49
Vitória
Brasil
707
1.960.213
36.07
50
Cúcuta
Colombia
290
833.743
34.78