Indege itwaye 71 yagize impanuka muri Népal

Indege itwaye ingenzi 71 n’abakozi bayo yagize isanganya iriko irururuka ku kibuga c’indege ca Kathmandu mu gihugu ca Népal, abantu 17 bakaba barokotse.

Abatabazi bari mu bikogwa vyo gukura ibiziga mu bisigarira vy’indege yo mw’ishirahamwe Bangladeshi airline US-Bangla, inyuma yaho umuriro waciye waduka uzimirijwe.

Iyo ndege yataye ibarabara igwako, igihe yariko irururuka ku munsi wa mbere ku mugoroba.

Ingendo zose zategerezwa gukoresha ikibuga « Tribhuvan International Airport » zasibijwe, nkuko amakuru yo muri ico gihugu avuga.

Umwotsi mwinshi wakwiye ikirere igihe iyo ndege yagira isanganya

Iyo ndege yagize isanganya ngo ifise inomero S2-AGU, ikaba iyo mu bwoko bwa « Bombardier Dash 8 Q400 », ariko ubutegetsi ntiburavyemeza.

Iyo ndege yaguye 14:20 amasaha yo muri ico gihugu, nkuko igisata gikurikirana uruja n’uruza rw’indege cavuze.

Publicités