Ibisagara 50 vya mbere kw’isi birangwamwo ubwicanyi

Akarere ka Amerika yo mu bumanuko niko kagwiriyemwo ibisagara vyinshi birangwamwo ubwicwanyi kw’isi, ibisagara 40 vyo muri ako karere bikaba biri ku rutonde rwasohowe.

Ivyo vyemezwa n’icegeranyo giheruka gushigwa ahabona n’ikigo kigenzura ubwicanyi kw’isi « Citizen Council for Public Safety and Criminal Justice » (CCSPJP), ikigo gifise amamuko mu gihugu ca Mexique cama gisohora ku mwaka ibihugu 50 vya mbere birangwamwo ubwicanyi kw’isi.

Amatohoza y’ico kigo niyo akoreshwa n’ibigo vy’itangazamakuru hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu.

Mu gukora urwo rutonde, CCSPJP iraba abantu baba bishwe ku banyagihugu ibihumbi 100000.

Bafata ibisagara birenza abantu 300000, bagafata ubwicanyi bwakozwe ku gushaka hamwe n’ubwabaye umuntu asotowe.

Kuri ivyo bisagara, 17 biri mu gihugu ca Brésil, 12 muri Mexique, 5 muri Venezuela, 3 muri Colombie hamwe na 2 muri Honduras.

Hari n’igisagara kimwe kimwe muri El Salvador, muri Guatemala na Porto Rico. Ayo makuru ava mu cegeranyo casohowe n’ikigo gitohoza ku bwicanyi bukogwa kw’isi « Citizen Council for Public Safety and Criminal Justice (CCSPJP), ikigo gifise icicaro mu gihugu ca Mexique.

Umwaka mubi cane wa Mexique

Igisagara Los Cabos, kiri mu buraruko bushira uburengero bw’intara ya Baja California Sur, kikaba kimwe mu bigendegwa n’abakerarugendo muri Mexique.

Ico gisagara cinjiye ku rutonde rurangwamwo ubwicanyi bwinshi kw’isi, gica kija mu kibanza ca mbere.

Uwufise ububasha kw’isanamu

GETTY IMAGES

Image caption

Intara ya Los Cabos irahurumbigwa n’abakerarugendo

Igikwiye gushigwa ahabona nuko ubaye n’umwaka wa mbere ikigo CCSPJP gifata ko Los Cabos irenza abanyagihugu 300000, ari navyo bisabwa kugira ngo igihugu kije kuri urwo rutonde.

Ikindi nuko ubwicanyi bwiyongeye muri ico gisagara, icegeranyo casohowe kikavuga ko bwiyongeye ku bice 500% mu mwaka umwe, kuva ku bantu 61 bishwe mu 2016 gushika ku bantu 365 bishwe mu 2017.

Ugereranije ni nkuko hishwe abantu 111.33 ku banyagihugu 100000, ibisagara 12 vya Mexique bikaba biri kuri urwo rutonde ugereranije n’ibisagara 5 vyagiye muri ico cegeranyo mu 2015.

Ikindi ciyongera nuko ibisagara 5 kuri 10 vya mbere birangwamwo ubwicanyi bwinshi kw’isi biri mu gihugu ca Mexique.

Uwufise ububasha kw’isanamu

GETTY IMAGES

Image caption

Mu 2017 Mexique yarabayemwo ubwicanyi bwinshi kurusha mu myaka 20 irangiye aho abantu 23000 bishwe

Bitumwa n’iki?

Ico kigo kivuga ko ico gihugu ata mugambi kiratunganya wo kurandurana n’imizi imigwi y’inkozizikibi, ngo kikaba caremeye kw’ingeso yo kudahana ivyaha itsimbatara mu gihugu.  »

Venezuela: kudashobora guharura abapfuye

Caracas niyo ikurikira Los Cabos mu kibanza ca kabiri n’abantu 3387 bishwe, wagereranya bakangana na 111.19 ku bantu 100000.

Ico cegeranyo kivuga ko igisagara ca Caracas ari ica mbere kirimwo ubwicanyi bwinshi kw’isi.

Ku bijanye na Venezuela, ico kigo kivuga ko bigoye kuronka amakuru avuye ku butegetsi kandi yo kwizera.

kigo « Citizen Council for Public Safety and Criminal Justice » ntigishobora gutanga igitigiri c’ukuri c’abapfira muri Venezuela kukubura amakuru yo kwizera

« Ku bijanye n’ivyegeranyo, leta ya Venezuela ntirondera kumenya ukuri canke ngo irondere gutohoza neza, imenye abakozi ibi na biriya. »

Hari iyindi nsiguro iva ku kuntu igitigiri c’abanyagihugu ba Venezuela kiguma kija hasi bitewe n’abomoka.

Uravye ingene abantu bicwa ukagereranya n’igitigiri c’abanyagihugu, CCSPJP isanga ubwo bwicanyi buri muri Venezuela buzoguma bwiyongera.

« Abantu imiliyoni zine barahunze igihugu, igice kirenga cabo cagiye mu myaka itatu irangiye, kurivyo igitigiri gitangwa c’abanyagihugu sico, co kimwe n’igitangwa ku bapfuye ahubwo kiri hejuru. »

Abanye Venezuela bahungiye mu gisagara ca Boa Vista muri Brésil bavuga ko « Ahasigaye hose ari heza kurusha muri Venezuela ».

Igitangaza muri Honduras

Vyose ntivyifashe nabi nkuko vyavuzwe mbere, ubwicanyi bwaragabanutse muri Amerika ya hagati. B

Ivyo vyibonekeza i San Pedro Sula, muri Honduras, aho yavuye ku kibanza ca gatatu mu 2016 ikaja mu kibanza ca 26 mu 2017.

Ubwicanyi bwaragabanutse ku bice 54% mu mwaka umwe, buja kuri 21.16 buvuye kuri 51.18 nku bantu 100000.

Honduras yahagaritse kuba igihugu ca mbere kw’isi kirangwamwo ubwicanyi gute?

Uwufise ububasha kw’isanamu

GETTY IMAGES

Image caption

Ubwicanyi ngo bwaragabanutse muri Amerika ya hagati (bine mu bisagara biri ku rutonde nta kiri muri 10 vya mbere)

Ico kigo kivuga ko bitikoze ahubwo ko vyavuye ku kigoro ka leta ya Honduras ko gukuraho ubusho bw’inkozizikibi, kugabanya ingeso yo kudahana ivyaha no guhana n’ibindi vyaha bitari ivy’ubwicanyi, no gutunganaya neza ivy’amabohero.

Ibisagara 50 vya mbere bigwiriyemwo ubwicanyi

Posición

Ciudad

País

Homicidios

Habitantes

Tasa (por cada mil habitantes)

1

Los Cabos

México

365

328.245

111.33

2

Caracas

Venezuela

3.387

3.046.104

111.19

3

Acapulco

México

910

853.646

106.63

4

Natal

Brasil

1.378

1.343.573

102.56

5

Tijuana

México

1.897

1.882.492

100.77

6

La Paz

México

259

305.455

84.79

7

Fortaleza

Brasil

3.270

3.917.279

83.48

8

Victoria

México

301

361.078

83.32

9

Guayana

Venezuela

728

906.879

80.28

10

Belém

Brasil

1.743

2.441.761

71.38

11

Vitória da Conquista

Brasil

245

348.718

70.26

12

Culiacán

México

671

957.613

70.10

13

St. Louis

Estados Unidos

205

311.404

65.83

14

Maceió

Brasil

658

1.029

63.94

15

Cape Town

Sudáfrica

2.493

4.004.793

62.25

16

Kignston

Jamaica

705

1.180.771

59.71

17

San Salvador

El Salvador

1.057

1.789.588

59.06

18

Aracaju

Brasil

560

951.073

58.88

19

Feira de Santana

Brasil

369

627.477

58.81

20

Juárez

México

814

1.448.859

56.16

21

Baltimore

Estados Unidos

341

614.664

55.48

22

Recife

Brasil

2.180

3.965.699

54.96

23

Maturín

Venezuela

327

600.722

54.43

24

Guatemala

Guatemala

1.705

3.187.293

53.49

25

Salvador

Brasil

2.071

4.015.205

51.58

26

San Pedro de Sula

Honduras

392

765.864

51.18

27

Valencia

Venezuela

784

1.576.071

49.74

28

Cali

Colombia

1.261

2.542.876

49.59

29

Chihuahua

México

460

929.884

49.48

30

João Pessoa

Brasil

554

1.126.613

49.17

31

Obregón

México

166

339.000

48.96

32

San Juan

Puerto Rico

169

347.052

48.70

33

Barquisimeto

Venezuela

644

1.335.348

48.23

34

Manaos

Brasil

1.024

2.130.264

48.07

35

Distrito Central

Honduras

588

1.224.897

48.00

36

Tepic

México

237

503.330

47.09

37

Palmira

Colombia

144

308.669

46.65

38

Reynosa

México

294

701.525

41.95

39

Porto Alegre

Brasil

1.748

4.268083

40.96

40

Macapá

Brasil

191

474.706

40.24

41

Nueva Orleans

Estados Unidos

157

391.495

40.10

42

Detroit

Estados Unidos

267

672.795

36.69

43

Mazatlán

México

192

488.281

39.32

44

Durban

Sudáfrica

1.396

3.661.911

38.12

45

Campos de Goytacazes

Brasil

184

490.288

37.53

46

Nelson Mandela Bay

Sudáfrica

474

1.263.051

37.53

47

Campina Grande

Brasil

153

410.332

37.29

48

Teresina

Brasil

315

850.198

37.05

49

Vitória

Brasil

707

1.960.213

36.07

50

Cúcuta

Colombia

290

833.743

34.78

Publicités