Bujumbura-Isale: Umuntu umwe yirishwe mu Ntara ya Bujumbura, Commune Isale

Umuntu azwi kw’izina rya SIMBAKWIRA Fidèle w imyaka 68, yaritavye Imana atemaguwe ibipanga mw’ijoro ryo kur’ uyu wa 12 Ntwarante 2018.

SIMBAKWIRA Fidèle yaba mu ntara ya Bujumbura, ku mutumba wa Kwigere agacimbiri kibezi muri komine ya Isale. Amakuru dukura kuri uyo mutumba, avuga ko uyo muntu yaraye agandaguwe, yahora yagirizwa uburozi, bakikeka ko arivyo yoba azize.

Mu gipolisi bavuga ko amatohoza yatanguye kugirango bamenye abakoze ubwo bubisha.

Publicités