Urugendo rw’icegera ca mbere c’umukuru c’inama nshingamateka mu Burndi mu gihugu ca Republika yaTogo

Icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka mu Burundi, Agathon RWASA yafashe urugendo kuri uyu wa 12 Ntwarante 2018, agana mu gihugu ca Republika ya Togo, i Lome.

Nkuko umuvugizi w’urwego rw’inama nshingamateka Alexis Badian NDAYIHIMBAZE abishikiriza mwitangazo ryiwe,avuga ko icegera ca mbere c’inama nshinga mateka ari mu rugendo aho yaserukiye inamanshingamateka mu nama igira 10 yabarongoye inama nshingamateka mu bihugu bigize akarere ka afrika bavuga ururimi rw’igifaransa (APF).

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, arashikiriza kandi ko, ibibazo 2 biri ku rutonde rw’ibizirwa muriryo koraniro: ubambere bazovugana kubibazo bijanye n’urwego rugize inama nshingamateka ruhurikiye muri ivyo bihugu, ubwa kabiri, barashikiriza bongere bihweze hamwe ivyo boshira ku rutonde vy’inama igize urwo rwego rw’inamanshigamateka itegekanijwe kuzobera mu gihugu ca Cap-Vert.

Umuvugizi w’urwego rw’inama nshingamateka yarangije ashikiriza ko ari akaryo keza kuri uwaserukiye inama nshingamateka, Agathon RWASA ko kubonana kandi bayage n’abandi bashingamateka bava mubini bihugu bitandukanye bigize ako karere

Publicités