Ngagara : Umuntu yagirizwa ubusuma yapfuye arashwe

Umuntu umwe yapfuye ahitanwe n’amasasu y’abaporisi, uwundi umwe arafatwa, muri zone Ngagara mu gisagara Bujumbura. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abo bagabo babiri ari abasuma bariko bimba intsinga z’ishirahamwe REGIDESO.

Uwo yitavye Imana ni Ndereyimana Michel w’imyaka 28, uwafashwe n’igiporisi nawe akaba Bazompora Albert w’imyaka 29.

Mu giporisi c’Uburundi bemeza ko bompi baheruka kuva mw’ibohero ku kigongwe c’umukuru w’igihugu.

Publicités